"Mu kanyamuneza ka Yubire y’umuzo wa Yezu Kristu mu bantu : nitumwimike mu buzima bwacu, mu ngo zacu no mu gihugu cacu, atugire umunyu n’umuco w’isi". Ng'ico icivugo c'Umwaka w'ubutumwa 2024-2025 Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi yuguruye ku wa 8 kigarama 2024, mu nkuka y'imisa yaherejwe muri Katedrale y'i Ngozi.
Dushikirize ijambo ry'Umwungere mu kwugurura uwo mwaka w'ubutumwa.
Muri Ekleziya iri mu Burundi, tuzokwinjira vuba mu mwaka wa yubire y’imyaka ijana turonse abasaserdoti ba mbere ba kavukire. Abapatiri ba mbere b’Abarundi ni Patrice NTIDENDEREZA na Emile NGENDAGENDE. Batiwe mu busaserdoti kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 1925. Ni iteka rihambaye Imana yaduteye mu Burundi, ikimenyetso kidasanzwe c’uko Imana yashatse ko Ekleziya Muryango w’abayo yoshinga imizi hano iwacu. Ubu abapatiri b’Abarundi bo mu madiyoseze uko ari umunani barababa 1300, tudashizemwo abari mu miryango itandukanye y’abihebeyimana. None rero muri uyu mwaka wa yubire y’ubusaserdoti, turatumiriwe rwose kurushirizaho gusaba Imana ngo ituronse abasaserdoti benshi kandi beranda, tukanabasabira ngo bakomere kw’ibanga. None rero Bakristu, nimudusabire twebwe abasaserdoti kugira ngo turangwe n’umwete w’ukubashikiriza ivyo Umukama yaturungikanye ngo bibafashe kuba abayo bwite. Ivyo vyiza tubwirizwa kubashikiriza ni inyigisho ndoramana itanga umuco n’umwizero, ni amasakramentu atagatifuza akanakomeza abari ku rugendo hamwe n’ukubahimiriza mu ngendo y’urukundo rwegeranya abasangirarugendo.
None rero iyo yubire y’ubusaserdoti izodufashe twese kuzirikana ico ari co ibanga ry’ubusaseredoti, ico abasaserdoti batumariye n’ico twobaterera ngo bakomere ku muheto. Ku rwego rw’igihugu cose iyo yubire izokwugururirwa i Mugera kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma. Hano muri Diyoseze ya Ngozi na ho ndabasavye bakristu mwese muzogirire umusi mukuru abasaseredoti mu maparuwase atandukanye ku musi mukuru w’Umushaha wa Yezu, hazoba ari kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2025. Ndatumiye abasaserdoti ba Diyoseze ya Ngozi bitegurire urugendo rweranda ruzobera i Muyaga ku kirimba c’Umushaha wa Yezu ku musi n’igenekerezo tuzobamenyesha, kazobabere n’akaryo k’ukwitegurira umusi mukuru cane w’Umushaha wa Yezu. Ikindi gitegekanijwe muri uyu mwaka wa Yubire y’ubusaserdoti ni inama nkarishabwenge izobera i Bujumbura muri Foyer de Charité (Congrès sacerdotal) mu kwezi kw’umunani kuva igenekerezo rya 28 gushika kuri 30. Abazotumirwa muri iyo nama ni abasaserdoti baserukira abandi (bari muri conseil presbytéral) mu madiyoseze uko ari umunani.Votre email ne sara pas publié. Les champs requis sont marqués par *