IMG-LOGO
Accueil Actualité Diocèse de Ngozi a un grand plaisir de partager ses informations avec vous

Iyugururwa ry'Umwaka w'Ubutumwa 2024-2025 muri Diyoseze ya Ngozi.

image de l'article de la diocèse Ngozi

"Mu kanyamuneza ka Yubire y’umuzo wa Yezu Kristu mu bantu : nitumwimike mu buzima bwacu, mu ngo zacu no mu gihugu cacu, atugire umunyu n’umuco w’isi". Ng'ico icivugo c'Umwaka w'ubutumwa 2024-2025 Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi yuguruye ku wa 8 kigarama 2024, mu nkuka y'imisa yaherejwe muri Katedrale y'i Ngozi.

Dushikirize ijambo ry'Umwungere mu kwugurura uwo mwaka w'ubutumwa.

UKWUGURURA UMWAKA W’UBUTUMWA 2024-2025

Kuri uyu musi w’ukwugurura umwaka w’ubutumwa, mbanje kubakengurukira mwebwe mwese mwagize akigoro, mukaza muva mu maparuwase atandukanye kugira ngo dusangire ijambo n’igisabisho. Nca mboneraho n’akaryo k’ugusozera inama nsangizangendo n’ukubatumirira ngo muzokwinjirane urweze n’igishika umwaka wa yubire y’imyaka ijana kuva turonse abasaserdoti mu Burundi, hamwe n’umwaka wa yubire y’imyaka 2025 y’Ekleziya ikwiye kwisi yose.

1.   inama nsangizangendo (synode)

Inama nsangizangendo ku rwego rw’Ekleziya ikwiye kw’isi yose yuguruwe icese na Nyen’ubweranda Papa Fransisko hariya i Roma, hari kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu 2021. Mu madiyoseze yose akukira Ekleziya gatorika, ibikorwa vy’iyo nama nsangizangendo vyuguruwe icese ku wa 17 Gitugutu 2021, hose bikugururwa n’umwepiskopi mw’isengero irimwo icicaro ciwe (église cathédrale). Hano iwacu i Ngozi ni kuri uyo musi haca hashikirizwa n’ibibazo birungitswe mu mibano yo mu mice yose y’igihugu c’Imana (imibano mito mito, imihari, imigwi y’ubutumwa n’amashirahamwe yose yegamiye Ekleziya).  Nciye mbere mboneraho n’akaryo k’ukubakengurukira mwebwe mwese Bakristu ku ntererano mwatanze, iy’ivyiyumviro n’iy’uburyo kugira ngo ivyo bikorwa vy’iyo nama bishoboke. Ikirangamisi cari categekanijwe carubahirijwe, none iyo nama yasozerewe hariya i Roma mw’isengero ndangabwami (Basilique) ya Petero Mweranda kw’igenekerezo rya 27 Gitugutu muri uyu mwaka 2024.

Icegeranyo c’ivyavuye muri iyo nama murashobora kugisanga ku rubuga rw’ubuhinga ngurukanabumenyi rw’i Vatikano. Indinganizo zerekeranye n’ivyashikirijwe muri iyo nama zizodushikira mu bihe bizoza kuko n’aho isasa ry’inama nsangizangendo ryaheze, hariho ibibazo bikuru bikuru Papa yashimye gushinga abahinga bamwe bamwe kugira ngo babifatire umwanya babinonosore hanyuma umuco bazotanga uzofashe Papa Fransisko kubifatako ingingo nk’umwungere aturagiye twese. None rero ibikorwa vy’inama nsangizangendo bitwega muri rusangi twarabirangije. Igisabisho c’umuryango w’abakristu caraduherekeje muri iyi myaka uko ari itatu, cane cane ca kindi twama tuvuga ngo : « turi hano imbere yawe Mutima Mweranda » ni co twabwirizwa kuvugira hamwe imbere y’uko hashikirizwa igisomwa c’Inkuru nziza. Ico gisabisho rero ubu turagisozereye kuri uyu. Ariko rero, ababishatse nicobabuza kuza baracifashisha mu kwambaza Mutima Mweranda batanguye inama y’imihari canke y’iyindi migwi y’ubutumwa. Kirashobora n’ugukoreshwa mu gisabisho co mu ngo mugira mu gitondo canke ku mugoroba, canke mu mibano.

Mu nzira y’ugushimangira ubusangirangendo (synodalité), muri Diyoseze ya Ngozi tubwirizwa kubandanya dushira mu ngiro za ngingo zose zigenga indinganizo y’ukugene amaparuwase yotera imbere mu kwitunga n’ukwitunganiriza mu buryo bwemewe n’amategeko, atawusigaye inyuma.

2.   Umwaka wa Yubire y’imyaka ijana turonse abasaserdoti b’imvukira

Muri Ekleziya iri mu Burundi, tuzokwinjira vuba mu mwaka wa yubire y’imyaka ijana turonse abasaserdoti ba mbere ba kavukire. Abapatiri ba mbere b’Abarundi ni Patrice NTIDENDEREZA na Emile NGENDAGENDE. Batiwe mu busaserdoti kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 1925. Ni iteka rihambaye Imana yaduteye mu Burundi, ikimenyetso kidasanzwe c’uko Imana yashatse ko Ekleziya Muryango w’abayo yoshinga imizi hano iwacu. Ubu abapatiri b’Abarundi bo mu madiyoseze uko ari umunani barababa 1300, tudashizemwo abari mu miryango itandukanye y’abihebeyimana. None rero muri uyu mwaka wa yubire y’ubusaserdoti, turatumiriwe rwose kurushirizaho gusaba Imana ngo ituronse abasaserdoti benshi kandi beranda, tukanabasabira ngo bakomere kw’ibanga. None rero Bakristu, nimudusabire twebwe abasaserdoti kugira ngo turangwe n’umwete w’ukubashikiriza ivyo Umukama yaturungikanye ngo bibafashe kuba abayo bwite. Ivyo vyiza tubwirizwa kubashikiriza ni inyigisho ndoramana itanga umuco n’umwizero, ni amasakramentu atagatifuza akanakomeza abari ku rugendo hamwe n’ukubahimiriza mu ngendo y’urukundo rwegeranya abasangirarugendo.

None rero iyo yubire y’ubusaserdoti izodufashe twese kuzirikana ico ari co ibanga ry’ubusaseredoti, ico abasaserdoti batumariye n’ico twobaterera ngo bakomere ku muheto. Ku rwego rw’igihugu cose iyo yubire izokwugururirwa i Mugera kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma. Hano muri Diyoseze ya Ngozi na ho ndabasavye bakristu mwese muzogirire umusi mukuru abasaseredoti mu maparuwase atandukanye ku musi mukuru w’Umushaha wa Yezu, hazoba ari kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi 2025. Ndatumiye abasaserdoti ba Diyoseze ya Ngozi bitegurire urugendo rweranda ruzobera i Muyaga ku kirimba c’Umushaha wa Yezu ku musi n’igenekerezo tuzobamenyesha, kazobabere n’akaryo k’ukwitegurira umusi mukuru cane w’Umushaha wa Yezu. Ikindi gitegekanijwe muri uyu mwaka wa Yubire y’ubusaserdoti ni inama nkarishabwenge izobera i Bujumbura muri Foyer de Charité (Congrès sacerdotal) mu kwezi kw’umunani kuva igenekerezo rya 28 gushika kuri 30. Abazotumirwa muri iyo nama ni abasaserdoti baserukira abandi (bari muri conseil presbytéral) mu madiyoseze uko ari umunani.

Hazotegurwa n’agatabu karimwo amazina yose y’Abasaserdoti b’Abarundi (abariho n’abatakiriho) n’udufoto twabo, hashirweko amatariki y’amavuko. Abamaze gushengera hazokwongerwako amatariki y’aho bashengereye. Muri Diyosze yacu, ico gikorwa ndagishinze umurwi w’ubutumwa ujejwe itorwa, uzofadikanye n’uwujejwe ubutumwa bw’uguhanahana amakuru bakorane n’umushingwamangu wa Diyoseze. Ndatumiye kandi abazi ubuhinga bw’uguhingura n’uguhinyanyura indirimbo bahingure uturirimbo tw’uguhayagiza ubusaseredoti busuku ; nitwabona izo ndirimbo zagwiriye tuzozegeranye tugire igitabu, mbere hazobe n’ihiganwa. Uwo mwaka wa yubire y’ubusaserdoti uzosozerwa kw’igenekerezo rya 07 Kigarama 2025.

3.   Umwaka wa Yubire ya 2025 y’Ekleziya yose

Bakristu banyamuryango, uyu mwaka kandi w’2025 tugiye kwinjiramwo ni umwaka wa Yubire muri Ekleziya yose iyo iva ikagera, umwaka mweranda, umwaka w’ukwinagura kuko tuzohimbaza iteka twatewe ry’aho Jambo wa Mana Data, akaba umupersona wa kabiri w’Ubutatu Bweranda, yaje kwibanira natwe, gutyo abantu bakamubona imbonankubone. Iyo umuntu abizirikanye neza, arategera ko dukwiye gukenguruka bidasanzwe. N’igihe hari abahatswe gutwarwa n’inyigisho z’ubuhuvyi mu bijanye n’ukwemera kwerekeye Yezu Kristu, bivuye cane cane ku witwa Arius yigisha ko Kristu atari Imana nka Se, haciye hatumwako inama nkuru y’abepiskopi (yitwa concile) yabereye i Nicée mu mwaka w’325. Muri iyo nama, abepiskopi bamurikiwe na Mutima Mweranda, barabishinze mu ngingo y’ukwemera duhurirako, y’uko Data na Mwana basangiye kamere y’ubumana, bakanganya inganji, kandi bakamana mu bumwe budacika.

Mu mwaka w’1925, Papa Pio wa XI yafatiye kuri iyo ngingo y’ukwemera kugira ngo yibutse abakristu ko ata wundi mwami ariho angana na Yezu Kristu. Mu bami  canke abategetsi babayeho muri kahise canke abazobaho muri kazoza, nta n’umwe yogereranywa na Yezu Kristu kuko ni we Nyen’inganji itazokwigera ihera. Ivyo akabishimangira rwose muri ico kiringo hariko hariyadukiza mu bihugu vy’i Bulaya intwaro zishingiye ku gitugu no ku bukazi, aho abategetsi bamwe bamwe bagera ku rugero rw’ukwiha icubahiro nk’ic’Imana, kandi bagashaka kubikwegeramwo cane cane urwaruka. Nk’uturorero, mu Butaliyano hari uwitwa Benito Musolini, mu Budagi uwitwa Adolf Hitler, muri Espagne uwitwa Franco, muri Portugal uwitwa Salazar Antonio de Oliveira. Abo bategetsi rero bagomba kwiha ijunja ridasanzwe gushika bagere ku rugero rw’aho botegeka ko ata wundi mwami ariho yobarengera. Muri uyo mwaka wa Yubire y’imyaka 1925 y’Ekleziya yose hamwe na yubire y’imyaka 1600 y’inama nkuru ya Nicée, Papa Pio XI ni ho yaciye ashinga muri Ekleziya umusi mukuru wa Kristu Mwami, aca akomeza n’imihari gatorika (Mouvements d’Action Catholique).  Muri aho hose yashaka ko inyigisho n’ingendo z’abategetsi bamwe bamwe bo kuri iyi si zitozingamika abakristu na cane cane urwaruka.

Mu bihe vya none, umuyaga w’ubuhakanyi uriko urahuhutira mu bihugu vyinshi na cane cane ivyiyita ngo birateye imbere mu butunzi n’ibindi, inyigisho nyinshi zica mu buhinga ngurukanabumenyi ni izidaha agaciro ubwami n’ubumana bwa Yezu Kristu. Bamwe bamwe mu bitwa ngo baganje isi n’ibiri kuri yo ntibareka guserura ivyiyumviro n’inyigisho zigiye kubiri n’indero runtu hamwe n’indero rukristu zubaka imitima n’imibano.
None rero muri uyu mwaka wa yubire y’2025 kuva Yezu Kristu agaragaje ko ari ari we Mwami w’abami ariko ko ubwami bwiwe atari ubwo kuri iyi si, nitwemere tumwiyegurire kuruta uko twahora, ntihagire ikimudukurako. Ni co gituma twashimye ko uyu mwaka tuzoshimikira kuri iki civugo ngo : Mu kanyamuneza ka Yubire y’umuzo wa Yezu Kristu mu bantu : nitumwimike mu buzima bwacu, mu ngo zacu no mu gihugu cacu, atugire umunyu n’umuco w’isi.

Nyen’ubweranda Papa Fransisko azotwugururira uwo mwaka wa Yubire kw’igenekerezo rya 24 Kigarama buca duhimbaza Noeli, mu mugirwa w’ukwugurura urugi rw’umuryango mweranda w’Isengero nkuru ya Petero Mweranda i Roma. Mw’ikete-nyigisho ryerekeye uyu mwaka wa Yubire, Papa aratwibutsa ati : « Umwizero ntutereza », akadutumira ngo twinjire muri iyi Yubire nk’abasangirarugendo kubw’ukwizigira ». Mu madiyoseze, iyo yubire izokwugururwa kw’igenekerezo rya 29 Kigarama 2024 ku musi mukuru w’Umuryango Mweranda w’i Nazareti ; tuzoyisozere kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2025. Ku rwego rw’isi yose, Papa azosozera iyo yubire mu kwugara rwa rugi rweranda ku wa 06 Nzero 2026.

Mu guhimbaza umwaka wa Yubire y’imyaka 2025 muri Diyoseze yacu ya Ngozi hari amatariki amwe amwe twashimye gushimikirako :
  • /12/2024 : Ukwugurura Yubire
  • 04/01/2025 : Gusozera yubire y’imikangara mu Burundi (Ngozi)
  • 25/01/2025 : Yubire y’abana (i Ngozi)
  • 26/01/2025 : Yubire y’abakozi ba Leta n’incabwenge
  • 02/02/2025 : Yubire y’abihebeyimana (Busiga)
  • 08/02/2025 : Yubire y’abarwayi (Gasenyi)
  • 22/03/2025 : Yubire y’abigisha-barezi (Ngozi)
  • 27/04/2025 : Ikigongwe c’Imana (Mukinya)
  • 24/05/2025 : Yubire y’Abapfakazi n’abapfakare (Mubuga)
  • 29/06/2025 : Yubire y’abasaserdoti mu maparuwasi
  • 03/07/2025 : Yubire y’abamenyeshamana
  • 12/07/2025 : Yubire ya Paruwase Gasenyi n’itangwa ry’ubusaserdoti
  • 19/07/2025 : Yubire y’abadandaza
  • 10-14/08/2025 : Ikoraniro ry’urwaruka (forum des jeunes) ku Ruganza
  • 29/09/2025 : Abasirikare n’abapolisi (Ngozi)
  • 01/09/2025 : Yubire y’ibidukikije
  • 12/10/2025 : Yubire y’abageze mu za bukuru (Rwarangabo)
  • 26/10/2025 : Yubire y’ingo (Gicumbi)
  • 16/11/2025: Yubire ya ba ntahonikora (Mugogo)
  • 23/11/2025 : Yubire y’imihari n’iyindi migwi y’ubutumwa (Gitwenzi)
  • 14/12/2025 : Amaparuwasi n’imibano (Nyamurenza)
  • 28/12/2025 : Gusozera Yubire.
Uko tuzohimbaza ayo mayubire, ni ko tuhabonera akanya n’akaryo k’ukwinagura ku mutima tuwerekeza ibukama. None ndabipfurije mwese umwaka mwiza w’ubutumwa, na yubire twimirije kwugururirwa, nitugire Kristu.

Musenyeri Joriji Bizimana
Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi.
 
 
 

image de l'article de la diocèse Ngozi
Catégorie:

Les meilleurs commentaires

Laissez votre commentaire

Votre email ne sara pas publié. Les champs requis sont marqués par *