UMUSI W’UGUSABA UKUREKURIRANIRA N’UGUSUBIZA HAMWE (Commune Ruhororo)
Ibisomwa: 1Abami 3, 11-14 ; Matayo 5, 35-48
Inama ya mbere y’umuryango wa Diyoseze yacu yarasavye ko hashingwa umusi mpuzamuryango wa Diyoseze ugenewe kwibuka mu gisabisho abahitanywe bose n’ibiza vy’indyane iki gihugu caciyemwo, mu ntumbero y’ugushira ahabona abapfiriye Imana kuko banse guhemukira Inkuru nziza y’umuvukano ngo batubere akarorero keza, no mu ntumbero y’ugusabiranira ngo duhinduke ku mutima dusubize hamwe nk’abakristu. Mu ndinganizo yacu, duheruka gushinga y’uko umusi wa gatandatu w’indwi ya mbere y’ubushikiro ari ryo sango tuzohora duhurirako. Nciye mboneraho akaryo k’ugukengurukira abarangurira ubutumwa mu gisata kijejwe “ubutungane n’amahoro” kuko bariko barakora kugira ngo haboneke indinganizo y’ukugene twoteba tugashika ku rugero rw’uko abakristu boganira atari mu ntumbero y’ukwagirizanya, ariko bakabigira kugira ngo bugurukire ingendo y’ugusabana ikigongwe n’ukugihanahana, iyo ngendo ikazotujana mu nzira y’ugusubiza hamwe, gutyo ibikomere bikire, amahoro ashinge imizi; abana, abuzukuru n’abuzukuruza bategurirwe akazoza k’iteka.
Twashimye ko vyoza biraba mu ntango y’umwaka wa liturujiya kugira ngo biducire inzira ibwirijwe kuturanga umwaka wose, ingendo y’ugusubiza hamwe n’Imana, hamwe rero n’ugusubiza hamwe hagati yacu. Nka kumwe k’umwami Salomo ari i Gabaoni, twakoranye ngo dusabe Imana iyo ngabirano y’ukurengera ivyatuntuje Abarundi benshi muri kahise k’igihugu cacu. Kenshi iyo tuvuze indyane zaranze igihugu cacu, dukunda gufatira ku ntambara zabaye mu 1972 no mu 1993, ariko burya si izo zonyene. Hari abagandaguwe n’imbere y’uko twikukira (nk’ivyo duhora twumva vyabaye ku bavubikiro), hari abishwe no mu bindi bihe bitandukanye eka mbere n’inyuma y’1993. Abo bose tuje kubasabira tubasaba ngo na bo nyene iyo bari badusabire.
Nashimye rero gufatira ku nyigisho n’impanuro ziri muri iyi nkuru nziza duhejeje kwumva. Yezu ati: “kunde abansi banyu, musabire ababahama”. Umwansi ni urya muntu yagukoreye ikibi, urya yakwiciye umuvyeyi canke uwo mwari mwubakanye, urya yakwiciye umwana, urya yakwiciye mwenewanyu canke musazawe canke mushikawe, urya yakubesheye akakwambika ibara, akakudodobereza, urya yagutwaye udutungwa twawe, urya yagusamburiye akazu wabamwo, urya yakwivye canke akakwononera imirima, urya yatumye urara uraturatura kandi wari ufise aho uba, urya aguma agutoteza akarondera kuguma akunokeza n’akagaye, n’ibindi n’ibindi. Yezu ati “mukunde”. Iyo ni ingero yo hejuru cane dusanga mu nyigisho zose ziri mu bitabu vyeranda. Mu gushika kuri urwo rugero, Imana yaciye mu ngendo iranga umwigisha mwiza canke umuvyeyi-murezi yigisha umwana wiwe. Ni nka kurya umuvyeyi aza ararera umwana bukebuke akaza aramubwira ibikenewe kuko hariho ivyo atomubwira akiri muto ku mvo y’uko atobitegera. N’Imana ikora nk’umurezi: (pédagogue). Itegeko rya Musa rivuga ngo: “ijisho ku rindi iryinyo ku rindi” (Ukwibutsa amategeko 19, 21) ubu womengo riserura ubugome burengeje, ariko muri kiriya gihe c’Abanyisraeli yari nk’intambwe ikomeye cane rwose. Kuko mu ntango si uko vyari biri. Uwukumenye ijisho wamumena yose, uwugukuye iryinyo waharandura yose. Cari igihe c’ukwihorahorana kutagira iherezo. Ibwirizwa ry’ijisho ku rindi canke iryinyo ku rindi (la loi du talion) bwari uburyo bw’ukugabanya urwihorahorane mu bantu rwari gutuma haba uruhererekane rw’urwanko mbere n’abantu bagahava bahahonera. Bwari uburyo bw’ugupima urugero rw’icaha cakozwe kugira ngo uwakosheje ntibamuhe igihano kirengeye ico yakoze.
Mu nyuma harabaye iyindi ntambwe mu nyigisho y’imibano y’abantu, iyo ntambwe tuyisanga muri Tobi 4, 15: “Niwirinde kugirira uwundi ico nawe udashaka ko bakugirira”. Nta muntu n’umwe yipfuza ko bomurenganya, nta n’umwe yokwipfuza ko bamubesha canke ko bamubeshera, nta n’umwe yipfuza ko bomwiba utwiwe, nta n’umwe yipfuza ko bomwanka, nta n’umwe yokwipfuza ko bomwica, nta n’umwe yipfuza ko bomwihora... Muri make nta n’umwe yipfuza ko bamukorera ikibi. None rero ico tutokwipfuza ko twokorerwa tworeka kugikorera uwundi muntu. Ng’aha basaba ko umuntu yokwirinda ikibi ico ari co cose cokorerwa uwundi kuko ntikibura ivyo conona mu mibano, ntikibura n’ingaruka mbi kivyara muri kazoza.
Intambwe ikurikira tuyihabwa na Yezu we nyene ubwiwe ati: “ico ushaka ko abandi bokugirira, kibagirire nawe” (Matayo 7, 12: la règle d’or). Aduhanura kwitanga uwundi mu neza. ukwo ni kwo kubera abandi urumuri, tukaba n’abatumwa b’ukurwanira ingoma ya Kristu kugira ngo buhoro buhoro iciza gihebe gitsinde ikibi. Ni intambwe rero ikomeye. Uwa Kristu ntaberewe n’ukwirinda inabi vyonyene, araberewe kandi cane cane n’ukurwanira iciza.
Intambwe ya nyuma Yezu ashaka kudushikanako ni iyo y’ugukunda abansi n’ugusabira abaduhama (Matayo 5, 44). Aho Yezu yari aherejeko ivyerekeye inyigisho ndemeshamahoro ari yo ndemeshamibano. Muri iyo ntumbero Yezu yipfuza ko urwanko rwotsindwa n’urukundo, ivyo rero bikaba bijanye n’umugambi mweranda w’Imana, umugambi w’ubwami bw’Imana mu mibano y’abantu.
Muri kahise harabonetse abantu batari bake Imana yaciyeko kugira ngo itwereke ko urwo rukundo rushoboka, kandi ko ruteba rukama ivyamwa biboneka. Twibuke uwitwa Gandhi wo mu Buhindi canke Martin Luther King wo muri Amerika. Ni bo bigishije mu mvugo no mu ngiro ko uburyo bwiza bw’ukwihora umwansi ari ukumukunda. Urwanko rwishuwe n’urwanko nta kindi rushobora kuvyara atari urwanko rugwijijwe n’incuro nyinshi, na rwo impera n’imperuka rugahereza mu kujana, mu rupfu. Urukundo rero ni ikirwanisho gikomeye kandi kidatsindwa kuko gishinze imizi muri rwa rutare rutamenwa ari rwo Yezu Kristu. Hariho n’abamaratiri benshi babaye abatumwa b’urukundo kandi amaraso yabo yabaye akabuto nyako muri Ekleziya katumye yama ivyamwa vyinshi. N’ino iwacu mu Burundi uturorero ntitubuze. Na hano muri iyi paruwase canke muri iyi komine ntibabuze. Uburyo burangutse bw’ugushira mu ngiro iyo mpanuro y’ugukunda umwansi ni ukumurekurira.
Tuvuze ukurekurira abatugiriye nabi, ni ikintu gihambaye cane rwose, ariko benshi bashobora batahura ukutari ko.
Votre email ne sara pas publié. Les champs requis sont marqués par *