Kuri uwu wa gatatu mweranda, igenekerezo rya 27 ntwarante, muri Paruwase Cathédrale ya Ngozi yaragijwe Umushaha utatyoye wa Bikira Mariya, haraherejwe inkuka y'imisa yabereyemwo umugirwa w’uguhezagira amavuta meranda azosigwa abarwaye, ayasigwa abakatekumeni, n’amavuta ya Krisma asigwa abaronka ibatisimu, abakomezwa muri Mutima Mweranda, abatirwa mu busaserdoti no mu bwepiskopi hamwe rero n'ukwegurira Imana amasengero n'ama altari. Inkuka ya misa yatanguye igihe c’isaha zine n’igice z’igitondo(10h30), yari irongowe na Nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze Ngozi, Musenyeri Joriji BIZIMANA. Hariho abakristu benshi , abasaserdoti ba Diyoseze Ngozi ari naho baca basubiramwo indagano zabo z’Ubusaserdoti, abihebeyimana hamwe kandi n’abakristu ba Paruwase Ngozi n’abandi baje baserukira abandi bakristu bo mu ma paruwase ya Diyoseze Ngozi.
Mu nsiguro yiwe, Umwungere wa Diyoseze Ngozi yaravuze ko uko umwaka utashe, ku wa gatatu mweranda abasaserdoti barakorana bakikije Umwepiskopi kugira ngo habe umugirwa w’uguhezagira amavuta uko ari mu mice itatu : amavuta asigwa abarwaye , ayasigwa Abakatekumeni n’amavuta ya Krisma. Uwo mugirwa w’uguhezagira amavuta uba rimwe m’umwaka. Ni kuri uwo musi nyene abasaserdoti basubiramo indagano zabo biyibutsa ico baraganiye Imana, bakiyibutsa akamaro k’iryo banga n’ico ribategereza.
Umusaserdoti ahamagariwe kwama aduga ku mutumba agafata akanya k’umwiherero akisuzuma ko akiri ku murongo kuko indagano si izo umusi umwe, umuntu abandanya yisuzuma kandi agamburukira Imana kuko niyo imufasha kugumya ibanga. Iyo umusaserdoti yifashe ukundi, akikura muri ubwo bunywanyi, araruha agaca aruhisha abandi , ntoco aba akimaze kandi nawe nyene ntaco yimarira. Muri ico gihe yamana imyidogo, akagumana ubwishime ntabe agikorera neza Ekleziya.
Umusaserdoti ahamagariwe kunezerezwa n’iryo banga yatewe, kuko ridaterwa bose. Aho niho hashingiye Ubusaserdoti bw’ibanga . Mu guhereza inkuka ya misa buri musi, yifatanya na Yezu yihereje, ku wa kane Mweranda, akamanyura umukate kugira ngo yerekane uko buca ababara. N’umusaserdoti yemera kwitanga kugira ngo umuryango w’Imana uhatorere akajisho. Muri iryo banga , abasaserdoti basabwe kwama baca bugufi. Naho ari uko ntibisigura ko Umusaserdoti batofatwa n’ikibi abandi bakora, ahagariwe gusaba ikigongwe ntiyiyime ivyo afashisha abandi : agashira imbere igisabisho, n’uguhabwa amasakramentu.
Mu gusozera insiguro yiwe, Umwungere wa Diyoseze yasavye abakristu bari aho kubandanya basabira abasaserdoti n’ukubashigikira kuko abasaserdoti bazigamye n’abakristu bazoca bazingama.
Inyuma y’insiguro hakurikiye umugirwa w’uguhezagira amavuta Meranda.
Imisa iheze amajambo yabandanirije mu nzu y’amakoraniro ya Diyoseze (Procure d’Accueil) aho Nyenicubahiro Umwungere wa Diyoseze yamenyesha abari aho ko Umusi mukuru wa yubile ya Diyoseze utazobera muri Paruwase Muhanga nkuko vyari vyavuzwe mu ntango y’umwaka wa Yubile, ariko ko uzobera muri Paruwase Mvyeyi ya Ngozi igenekerezo rya 6 mukakaro 2024.
Ibirori vy’uwo musi vyasozerewe mu kanyamuneza ntangere, bisozerwa n’umuhezagiro watanzwe na Nyenicubahiro, Umwungere wa Diyoseze Ngozi.
Philbert MIBURO
SICODIN
Votre email ne sara pas publié. Les champs requis sont marqués par *